Abecedaria Press · Kwandika indome zifatanye
Icigwa 11
Ubu tugiye kwimenyereza indome zifatanye. Urashobora kandi kwihimbira amajambo yawe canke imigwi yawe y'indome, mugabo jewe ndaguha imwe imwe uko vyoba kwose: iju, yuj, jyi, tuy, ijty, uijt, n'iyindi. Ihimbire imigwi y'indome. Tuzogusigira imirongo itanditseko kugira ngo uyikoreko.
Na none, iyo umaze kurangiza, fata irati yawe, maze ugenzure ko inguni zawe zose zingana. Genzura kandi uburebure bw'indome zawe: ko zose zikora ku murongo, kandi ko zitarenga munsi y'umurongo. Nimba zirenga munsi y'umurongo, ushireko akamenyetso. Kosora ivyo wanditse ukoresheje akaramu gato gatukura canke ikindi kintu.
Kandi na none, ca imirongo miremire inyura mu nkoni zawe zihagaze, kugira ngo ijisho ryawe ribone ko inkoni zawe zihagaze zose zihengamiye ku ruhande rumwe. Raba neza ko indome zawe zihengamiye imbere, atari inyuma, kandi ko uguhengama kwazo kuguma kungana igihe cose. Duga buhoro, manuka ukanda, duga buhoro, manuka ukanda, duga buhoro, manuka ukanda.

Kwandika indome zifatanye — Igice ca mbere: Indome nto · Evan Millner · Published by Abecedaria Press